Mu ntumbero yo kuramira abanyeshure bafise amakoro make mu miryango b’Imvukira za komine Muyinga ariko bakongera bakaba incabwenge biga muma kaminuza atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, Musitanteri Amedee MISAGO arongoye iyo komine yarashitse aho abo banyeshure baba kugirango abashikirize agaseke yabatekereye mu kubatera intege.
Kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 14 ntwarante 2026, iyo ndongozi ya komine Muyinga iherekejwe n’abashinzwe ibisata bitandukanye mu biro vya komine, barashitse ku mutumba Mugoboka komine Mukaza intara ya Bujumbura, mu ntumbero yo kuraba aho baba no kubaramira mu kubashikiriza ikizoba kirabasahiriza imisi mike mu buzima basanzwe babayemwo.

isago yaciye ashikiriza abo banyeshure akaganuke kagizwe n’ Ibiro 150 vy’Ifu y’Ibigori, Ibiharage ibiro 100, Imifuko 12 y’Amakara, hamwe n’ikarato 3 z’Impapuro.
Amédée muri zimwe mu mpanuro yabahaye yibukije ko bovyaza umusaruro ako kanya bafise ko kuba munzu komine ibarihira kuko iyo batavyitwayemwo nabi bishobora kubagora mu nyuma basohotse, aributsa kandi ko muri bo ariho komine izokwikora ngo ironke abatunganiririza abenegihugu, avuga ko ubu aho bigeze abatanga akazi baraba ico umuntu ashoboye gutyo akabahimiriza kwiga bashizeko umwete. Akaba yabahanuye kandi gukora cane bakiga bamenya kugira ngo baze bafashe Igihugu cabibarutse.

Mwomenya ko abo bahawe ako kaganuke ari abanyeshure 59 bava mu miryango yaba ntaho nikora bavuka muri komine Muyinga.