Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 ntwarante 2026 abanyeshure b’Imvukira za komine Muyinga biga muri za kaminuza zo mu gisagara ca Bujumbura bahuriye hamwe mu ntumbero yo kwakira bamwe muri bo baje gutangura ishure.

Amédée_MISAGO arongoye komine Muyinga yakengurutse iciyumviro bagize co guhurira hamwe ngo baginane kandi bamenyane bagatumira n’Imvukira za komine.
Yabasavye kugira indero mu vyo bagira vyose agira ati: « Kwiga ni kimwe, ariko indero n’ibindi » kora ibintu vyerekana ko wize.
Amédée abahanura kwiga bafise ihangiro kuko iyo ukoze ikintu udafise ihangiro akenshi ntushika iyo ushaka.
Yasozereye ijambo abemereye kubashigikira bimwe biboneka mu migambi yabo cane cane umugambi wo gufasha abana batoyi babo bari mu mashure mato mato.
Mwomenya ko urwo rubanza rwitabwe n’Imvukira za Komine Muyinga bagiwe imbere na Musitanteri w’iyo komine.